BurundihomepageIKIRUNDI_newsImyidagaduromusic

Bobona abona ko Big Fizzo na Lolilo bariko babateza urubwa, ngo ni bikebuke

Abaririmvyi ngo ingendo bihaye muri ino misi nibatayihindura, ngo bazokwikangura basanga ivyabo vyasubiye inyuma, uko niko umuririmvyi w’umurundi ari mu karuhuko hano iwacu ariko akazi kiwe akarangurira kari mu Butariyano abibona.

Iyo ngendo ivugwa na Bobona ikaba ari iyo gutukanira ku mbuga ngurukanabumenyi, akaba abona ko yohagarikwa. Bobona yanaboneyeho akaryo ko guhanura abaririmvyi b’ibicocoro nka Mugani Desire na Lolilo ngo bahagarike guhangana n’abana bakiri bato nka Sat-B.

Iyo ngendo uwo muririmvyi akaba avuga ko itariko icafuza bo gusa, kuko nabo iriko ibatesha urubwa.

Yagize ati : “Birya bintu birateye n’ikigongwe, kubera uriko uraraba imyaka nka Fizzo amaze mu muziki, ukaraba na Lolilo, bari kuba bageze ku yindi ntambwe bereka urundi rwaruka ruriko ruraza ico bamaze mu muziki kubera barakoze ibintu vyiza bararyohera abantu, ntihari hageze ko bisamburirako nk’impene. Kurya n’ukwisamburirako, hari abantu benshi ngaha baca babona yuko umuririmvyi n’umu Voyou, nta mutwe, ni ibitandero, bariko baratumaramaza bobireka.”

Mu vyo yabashije gushikiriza n’aho atatomoye, hakaba humvikanye ko Big Fizzo na Lolilo aribo bari guha akarorero keza Sat-B kuko ari mutoyi wabo, ariko ngo ntavyo bakoze.

Mwomenya ko uwo muririmvyi ari mu karuhuko i Bujumbura, akaba agize imisi ariko akora ibiganiro mu binyamakuru bitari bike birimwo ivyo ku mihora ngurukanabumenyi aho yanaboneye akaryo ko gushimira abariko babana nawe ibihe vyiza, akaba anavuga ko hoba hari ibindi bikorwa bishasha biri mu nzira.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 721