IKIRUNDI_news

Brarudi: “Ubu si ukurondera impano, ni ugushigikira impano”

N’ishirahamwe rihingura ibinyobwa bitandukanye harimwo n’ikinyobwa citwa Primus. Mu myaka iheze 2012, 2013, 2014, …bakoresha ico kinyobwa cabo barondera impano z’abazi kuririmba mu gihugu cose aho vyitirirwa izina rya Primusic.

Hagati y’aho hari imyaka vyasa nk’ivyahagaze kuva aho umuririmvyikazi Tetero yayitahukanye ntawundi yari bwagaragare.

Ubu bagarutse n’iyindi mforo, aho bahiga impano zinyegeje, ubu habonekamwo abamaze kugaragaza impano zabo.

Babicishije ku rubuga rwabo rwa Facebook basanzwe bakoresha ejo igenekerezo rya 18 mukakaro 2021 baremeza neza ko hari hiyandikishije abagera kuri 170 ariko hakaba hatowe 18 iryo higanwa ubu rikaba ryitwa Tagata na Primustar.

Abaririmvyi 10 babandanije ihiganwa ni:
1:Ester Nish
2:Mona Walda
3:B Face
4: Drama T
5:Bely music
6: Belle Nice the belle
7:Olegue
8: Andy mwag
9:Double Jay
10:Masterland

Umuririmvyi wese yatowe arahamagarira abakunzi biwe kumuha amahirwe yo gutahukana izo miriyoni 15 ziri kumeza kubw’uwuzotahukana ikibanza ca mbere ukoresha Econet na Lumicash urungika kuri 190 bivanye n’igitigiri c’umuririmvyi washimye urashobora guha amahirwe umuririmvyi; inimero itora rimwe gusa.

Umwe wese twagiye tukwandikira izina na numero umutorako.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 1,021