IKIRUNDI_news

Sat B : Arashima uko abari k’ubutegetsi basigaye bitaho abaririmvyi

Ni igihe yari yizewe ko ateramisha abantu mu rukino rwariko rubera i Makamba ku kibuga c’umupira w’amaguru Nkurunziza Peace Park Stadium.

Kubwa Sat B amajambo yakoresheje abicishije ku rubuga rwiwe rwa Facebook aremesha abafise indoto bose yo kugera kure ko batocika intege kuko nawe atari yizeye ko uno musi yohabwa ikaze n’umwe mubategetsi asanzwe arongoye n’umugambwe uri ku butegetsi Honorable Révérien Ndikuriyo.

Ngo abaririmvyi bahora bafatwa nk’ibintazi ariko ubu bahabwa agaciro intambwe igihugu kigezeko arayishima cane.

Shigikira umunyabuhinga nawe arye ku mpano yahawe n’Imana

What's your reaction?

Related Posts

1 of 1,020