BurundikirundiWorld News

Breaking News Agashimwe Nobel k’amahoro 2020 kegukiye PAM

Baciye ku rubuga rwayo rwa Twitter ” The Nobel Prise” ,kuri uyu wa gatanu , comité ya Nobel y’i Norvège yashikirije agashimwe k’amahoro “Prix Nobel de la Paix ” ishirahamwe PAM ku bwo kwitanga kwaryo mu kurwanya inzara kw’isi yose na cane cane mu burere bwugarijwe n’indyane zitandukanye.

 

PAM ikaba yegukanye ako gashimwe mu gihe igitigiri c’abicwa n’inzara ciyongeye muri uyu mwaka wa 2020 bitewe n’ikiza ca Coronavirus

Iyuma yo kubona iryo tangazo , umuvigizi wa PAM akaba yagize ati : kwakira agashimwe k’amahoro n’iteka ridanzwe kuri twe ,kuberako bumwe mu bwiza bwa PAM aruko tudahereza abo dufasha imfungurwa z’uno munsi n’izejo ,ariko tubaha ubumenyi nkenerwa bwo gushobora kwifasha mu kwibeshaho iminsi ikurikira .
Mwomenya ko hano mu gihigu cacu iryo shirahamwe risanzwe ari ntasubirizwa haba mu kugaburira ibibondo ku mashure hamwe no kugaburira ba ntahonikora ndetse n’abahungutse.

Prix Nobel de la Paix 2020 ikaba ari agashimwe kagira 12 kegukiwe ishirahamwe canke umuntu, canke ishirahamwe rikorana na ONU .

Tukabibutsa ko urutonde rw’abahiganirwa ako gashimwe rwari 318, abantu 211 n’amashirahamwe 107 nkuko tubishikirizwa n ‘ikimemenyeshamakuru France 24 .

Indundi Magazine ikaba ikeje PAM na cane cane igisata c’ Uburundi(Pam Burundi)

What's your reaction?

Related Posts

1 of 501