HealthhomepagekirundiMireille KAMIpromoted

Breaking news| Robert Mugabe yitavye umuremyi ku myaka 95

Inyuma y’igihe kitari gito arwariye mu bitaro vy’ i Singapour umutama Peresida Robert Mugabe Imana yamuhamagaye.

N’umubabaro mwishi, uwa musubiriye ku ntebe Emmerson Dambudzo Mnangagwa abicishije ku rubuga rwiwe rwa Twitter yatangaje isandaba rya Nyakubahwa yahoze aramutswa igihugu ca Zimbabwe imyaka myishi Robert Mugabe.

Robert Mugabe akaba yahitanwe n’urwabagabo, aho rwari rumaze igihe kitari gito rumushinze amenyo muri bimwe mu bitaro vy’i Singapour.

Urupfu rwiwe rukaba rwemanzwa kandi n’abo mu muryango wiwe ndetse n’izindi ndongozi z’ico gihugu kumwe n’umugambwe yarasanzwe akomokamwo.

Robert Mugaba akaba ari ntibagiranwa haba muri Zimbabwe aho afatwa nk’indongozi yambere yabayeho kandi imara igihe yigura igihugu n’abanyagihugu, ndetse no muri Africa aho afatwa nk’intwari idatinya nagato igitsure c’ibihugu bikomakomeye vy’abafise urukoba rwera.

Imana imuhe iburuhukiro bwiza.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 755