homepagekirundiMovies

Breaking News : Umukinyi w’amareresi Denis Nsanzamahoro yaraye yitavye Imana

 

Kuri uyu wa kane waraye uheze, igenekerezo rya 5 Nyakanga umwaka w’2019 niho hamenyekana urupfu rw’uwahoze akina amareresi mu gihuhu kibanyi c’Urwanda Denis Nsanzamahoro.

Umuhisi Nsanzamahoro akaba yamenyekanye cane mu gukina amareresi yakunzwe cane nka “Rwasa, Sakabaka, 100 Days, Sometime in April, Turqupise n’izindi.

Uwo mukinyi w’amareresi yitavye Imana inyuma y’imisi itatu gusa yari amaze arwaye mu bitaro bikuru vya kaminuza vy’i Kigali, CHUK, akaba ahitanywe n’ingwara y’igisukari.

Denis Nsanzamahoro akaba yarakoze ku nsamirizi Flash FM kuva mu mwaka w’2004 kugeza mu mwaka w’2010 aho yakora mu biganiro nka “mboni y’umuguzi, Flashback Sunday ndetse n’ikiganiro Kigali’s Top 20”.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 756