East Africa NewsEntertainmenthomepageIKIRUNDI_newsmusic

Bruce Melodie akaba azoba abaye umuririmvyi wa mbere

Mu musi iheze hari amakuru yagumye akwirakwizwa hirya no hino ko umuririmvyi Bruce Melodie yoba agiye kugura imodoka yo mu bwoko bwa Brabus, ariko arabihakana kuko ngo ata hantu na hamwe arigera abishikiriza.

Amakuru mashasha yabonetse ngo nuko iyo modoka yahakanywe n’uwo muririmvyi amaze imisi I Dubai ngo yamaze gushika I Kigali, aho bariko baraheraheza bimwe mu bikorwa noneho abone kuyishikirizwa.

Iyo modoka iri mu bwoko bwa Brabus G Class, ariko ntiharamenyekana vyukuri igihe yakorewe n’ibindi vyinshi kuriyo, ariko ikizwi co nuko iri mu zizimvye kuko mu mafaranga ya hano iwacu ifise agaciro karenga gato Imiliyoni 600, nkuko Igihe yabishikirije.

Bruce Melodie azoba abaye umuririmvyi wa mbere mu Rwanda agira mu modoka izimvye, aho ni mu gihe amaze igihe ariko aravugwako kutavuga rumwe n’abamwitangiye mu muziki, ariko navyo akabitera ivyatsi.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 723