BurundiEntertainmenthomepagekirundi

Bruce Melodie nawe bamusamiye hejuru, abeshuza ivy’iyo Gitega 

Ivyabaye Kuri Bruce Melodie I Gitega, ntiyabisize ngaha, ahubwo yanabijabukanye I Kigali iwabo.

Nkuko twabashije kubibona, Bruce Melodie yavuze ko ababajwe cane no kuba ikinyamakuru yarasanzwe yemera nk’Igihe, candika inkuru itariyo, kivuga ko igiteramo yari yatumiwemwo I Gitega, cahagaritswe n’inzego z’umutekano.

Uwo muririmvyi muri ubwo butumwa yamenyesheje ko we ku ruhande rwiwe yahawe umwanya ukwiye wo gukora, ngo igihe yariko araririmba ngo nta wigeze amuvangira mu kazi.

Naho biruko, ico gikorwa co gutanga umuco yakoze, hari abatakibonye neza, abandi batangura kumwagiriza ko nawe nyene abifisemwo amakosa.

Amakosa uwo muririmvyi yagirizwa n’ukuba ngo yizeye ico kinyamakuru, abatari bake bakaba bashikirije ko kitari ico kwizerwa.

Muri ubwo butumwa bundi twabashije kubona Kuri urwo rubuga, uwo muririmvyi yagirijwe kutaba Professional, kuko ngo we ubwiwe canke urubuga rwiwe rwa Twitter ntirwari rukwiye kugaruka Kuri ico kibazo, Kandi bizwi neza ko Management yiwe yari yamaze kugira ico ibivugako.

Ibi bikaba vyagarutsweko inyuma yaho umumenyeshamakuru w’imboneshakure y’igihugu, RBA, Lucky Nzeyimana, nawe avuze ko ivyo vyariko biravugwa ku mbuga ngurukanabumenyi atarivyo, ahubwo Bruce Melodie yari yamaze guheza kuririmba.

Muri urwo ruhererekane rw’ababeshuje iyo nkuru, hanabonetsemwo, urubuga rwa Twitter rw’intara ya Gitega, aho rwavuze ko uwo muririmvyi w’iteka yarahari, ngo ahejeje kuririmba, urubanza ruba ruheze, nta wusubira kuririmba.

Banditse bati :” Ku bavuga ko Bruce Melodie yafashwe nabi n’inzego z’umutekano, sivyo na gato kuko ni nawe muririmvyi VIP yari yatumiwe kunezereza abarundi muri ico giteramo. Iyo umuririmvyi nk’uyo ahejeje kuririmba, nta wundi asubira kuririmba.”

Ku batari babimenye, nuko hakwirakwijwe amashusho y’abapolise bari Kuri stage, none havugwa ko babujije ko umuziki ubandanya uvuga muri ico giteramo.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 759