BurundiEntertainmenthomepagekirundi

Umuco w’abanyarwanda ku vyabaye Kuri Bruce Melodie I Gitega

Iboneka ry’igipolisi Kuri Stage ya Primusic vyaraye bibaye mu giteramo cabereye mu ntara ya Gitega, ntibivugwako rumwe n’abagize ico babishikirizako.

Mu gihe abatari bake, bakoresheje imbuga basanzwe bakoresha nka Facebook na Instagram, eka mbere na Twitter, canke X bivanye n’uko uvyumva, bavuga ko aba Polisi bo mu Ntara ya Gitega bahagaritse igiteramo ca Bruce Melodie abandi babibona ukundi.

Umumenyeshamakuru w’imboneshakure y’igihugu kibanyi c’Urwanda, Lucky Nzeyimana, yanditse ku rubuga rwiwe rwa Twitter avuga ko ivyo bivugwa atarivyo na gato.

Mu butumwa yanditse yavuze ko umuririmvyi Bruce Melodie ngo akazi yari yaherewe y’ama Miliyoni yavugishije benshi, ngo yari yagahejeje,  bisigura ko we atahagarikiwe igiteramo.

Muri ubwo butumwa nyene, uwo mumenyeshamakuru aheruka kugirana ikiyago na Alvin Smith, co kimwe na Kigingi aho baheruka I Kigali, yavuze ko ico gipolisi cahagaritse umu DJ, kugira ntabandanye avuza umuziki, Kandi amasaha agiye.

Yanditse agira ati :” Ndashaka gukuraho urujijo Kuri concert ya Bruce Melodie I Gitega. Ntabwo police yamuzimirijeho ibyuma, Police yaje kuzimya Bruce amaze kuririmba Indirimbo ze zose, kuko yararangije kuririmba Fou de Toi, Kandi n’iyo yari iya nyuma yagombaga kuririmba, yasezeye abafana be ndetse amanuka Kuri Stage. Police yaje Kuri stage kubuza DJ Gucuranga kuko amasaha babahaye yari yageze!”

Yongera ngo :” Abantu bataza kubyitiranya, police y’U Burundi ntabwo yaje kuzimya concert ya Bruce Melodie itararangira, baje kubuza DJ gucuranga kandi bwari bwije.”

Hampande ya Lucky, abakoresha Twitter, bo banashize Kuri izo mbuga ama Foto yerekana aba polisi ku Stage, noneho bavuga ko bagiye kwugara ico giteramo.

Umwe muribo ariwe Elsie Gretta we akaba abona ko naho hari icoba cari cabaye, kubwiwe ngo igipolisi c’igihugu, ngo nticari gikwiye kwurira kuri ubwo butambiro.

Bruce Melodie yaravuzweko kwugarirwa igiteramo, akaba asanzwe azwi n’igipolisi, kuko aho yaheruka I Bujumbura bamumaranye akanya atari gito mu minwe kuva acurura I ndege, kubera ikibazo c’amafaranga y’ibiteramo yari yarahawe, ariko ntiyabasha gusubizwa kuko bitabaye.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 760