Ubwato bwarimwo abantu barenga 300 nibwo bwibiye mu kiyaga Kivu mu gihugu giharanira intwaro rusangi ya Congo mu gitondo kuri uyu wa 3 nyakanga 2024.Abantu barenga 70 bakaba barahasize ubuzima.
Iyo mpanuka y’ubwo bwato yabereye muri ico kiyaga Kivu,bukaba bwari buvuye i Minova bwerekeza mu gisagara ca Goma, aho bivugwa ko bwarimwo abantu barenga 300 hamwe n’ibidandazwa vyari bijanywe kw’isoko yo mu gisagara ca Goma.
Igipolisi kimenyesha ko abantu 58 aribo barokotse ,icegera c’umukuru w’intara ya Kivu ya ruguru nawe avuga ko abapfuye ari 28 mu ikinyamakuru Reuters kivuga ko abapfuye ari 78.
Umwe mu bategetsi b’intara Kivu ya ruguru yabwiye ibiro vy’amakuru Reuters ko ubwo bwato bwarimwo abantu 278 mugihe ubwo bwato butategerezwa kurenza abantu 50.
Ibiro vy’umukuru w’igihugu ca Congo bivuga ko inzira y’amazi ariyo abanyagihugu bacamwo inyuma yaho amabarabara yose yinjira mu gisagara ca Goma yafashwe n’umurwi urwana wa M23. Igisirikare ca FARDC kikamenyesha ko ibikorwa vyo kurondera abantu baburiwr irengero mu mazi kibanya.
Nimugihe mu kwezi kwa ndamukiza mu mwaka wa 2019 habaye impanuka muri ico kiyaga nyene ihitana abantu bashika 150.
Inkuru yanditswe na Gisele Uwimana

















