homepage

Bubanza :ukwiteza imbere kubakenyezi mu ngo zabo

Bamwe mubakenyezi bo muri zone Musenyi komine Mpanda intara ya Bubanza baremeza ko ubu  batagihereza icizere co kubaho kw’imiryango yabo kubo bubakanye gusa,ariko ko nabo bafise uruhara rwo kuyiteza imbere no kwiteza imbere ubwabo. Abo bakenyezi bakavuga ko batahuyeko atamukenyezi akizera uburaro n’uburamuko kuwo bubakanye gusa ariko ko nabo babwirizwa kugira ico bakoze kugira bateze imbere ingo zabo .

Abo bakenyezi bashikiriza ko hakiri intambamyi zituma bamwe mubakenyezi bidakunda ko bakora ibikorwa biteze imbere imiryango yabo kubera kubura imitahe bakavuga ko nk’abagabo bo muri iki gihe udashobora kubizera hageze ko abakenyezi bakura amaboko mu mpunzu .

Muri bamwe mubagabo baba muri iyo komine Jimmy Nduwimana avuga ko bose  ari ugukora ko ubu atawirirwa aryamye bose barahurira mu masoko bagahurira mubuzi umwe abuze arashobora kumwuganira uwundi mw’iterambere ry’ingo .

Umwe mu bakenyezi hamwe numwe mubagabo bo muri iyo komine banegura ko hari bamwe mu bagabo bagifise ingeso yo guharika bituma zimwe mu ngo zidatera imbere.

Abo bagabo bavuga ko bashima kubona muri ino myaka abakenyezi bagira uruhara mw’iterambere ry’ingo bageranije n’imyaka iheze bagatera akamo ingo zabubakanye bataratahura ko urugo ari babiri ko bakwiye kuja inama n’ingingo kuneza y’iterambere ry’ingo zabo .

 

Inkuru yanditswe na Sonia Vyamungu

What's your reaction?

Related Posts

1 of 1,673