EntertainmenthomepageIndundi CinemakirundiMovies

#Buja Lol 2 | Umuhinga mu gutwenza Michel GOHOU azoba yahishikiye


Igisagara ca Bujumbura kigiye kwakira ku ncuro ya kabiri isango rikomeye ryo gutwenza bita «Buja Lol» kuri uyu w’Imana igenekerezo rya 10 munyoyo 2019, aho hazohurira abatwenzi (Comédiens) bava mu bihugu bitandukanye vya Afrika, mu karere duhana imbibe, tutibagiye nabo ngaha iwacu, bikazobera kw’ibarabara Boulevard de la Tanzanie kuva igihe c’isaha icenda 15h zo k’umuhingamo.

Umwaka uheze wa 2018, niho hatangura igice ca mbere c’igiteramwo citiriwe gutwenza ngaha mu gihugu cacu, bica biba n’akaryo keza ko kwakira ibihangange mu muziki ndetse no gutwenza bo k’umugabane wa Afrika, vyanatumye ababitunganije bigira inama yo gutegura incuro ya kabiri mu ntumbero yo kuryohera abarundi no kwerekana ivyiza Uburundi bufise biciye mu gutwenza.

Clovis KORICIZA batazira Rasko, umwe mu bariko barabitunganya, amenyasha ko abanyabugenegene bazoba bavuye mu bihugu bitandukanye bazokurikirana mu kuryohera abantu : «kuri scène muzobona ibihangange bikomeye nka Oumar Mané ava mu gihugu ca Guinéa ndetse yari yanatwitavye mu mwaka uheze, Joyeux ava mu gihugu ca RDC, Michael Sengazi umurundi mugabo aba mugihugu kibanyi c’Urwanda, Kigingi ndetse na ca gihangange mpuzamakungu ava mu gihugu ca Côte d’Ivoire Michel GOHOU azwi cane mu biteramwo vyo gutwenza Parlement du rire bica kuri Canal+.

Tubamenyeshe intumbero nyamukuru y’ico giteramo ari guhimiriza abanyabugenegene batwenza «Comédiens» b’abarundi kwitabira ibiteramo mpuzamakungu.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 770