culturehomepage

Bujumbura:Ikigo c’iratiro kiriko kirasubirwamwo

Ibikorwa vyusanura ikigo c’iratiro c’i Bujumbura (Musée Vivant)bimaze ikiringo c’indwi z’ibiri bitanguye .Ubu abakozi b’ikigo ca Reta kijejwe inyubako OBUHA bariko batera ubwatsi,bashiramwo amatara bongere kandi basubiramwo urugo rw’umwami rwari rwarabomotse(Rugo traditionnel).Amakuru ava muri ico kigo,avuga kandi ko hoba hariho n’umugambi wo kuzana ubundi bwoko bwibikoko.

Ibikorwa vyo gusanura uruhande rutari ruto rw’ico kigo c’iratiro c’i Bujumbura,bikaba bizotwara ikiringo c’amezi icenda.Inyuma yo gusubirwamwo,ikigo OBUHA kigazoca gishikiriza uburongozi bwa musée vivant kugira buheze bubandanye bukibungabunga .

N’ubwo biri uko hakaba hari uruhande rutari ruto rutarabwa n’ivyo bikorwa kuko nk’uko abasanzwe bakorera muri ico kigo, kurusanura vyosaba uburyo bwinshi.Imvo nuko rusanzwe rurimwo Amazi .
Nk’uko kandi bishikirizwa n”abasanzwe bakorera muri ico kigo, n’uko inyuma y’ivyo bikorwa vyogusubiramwo musée vivant hoba hariho n’uwundi mugambi wo kwongereza bimwe mu bikoko muri ico kigo c’iratiro.

Ibikorwa vyo gusubiramwo ico kigo bibaye mu gihe mu mwaka wa 2023,Reta yari yafashe ingingo yo guhagarika ubunywero bwose bwari busanzwe buhakorera .

Ubuyobozi bukuru buraba ivy’aba mukerarugendo buvuga ko buriko buritunganya kugira hatunganywe inama rukokoma kugira hatorerwe umuti tumwe mutunenge dutuma ico gisata ca bamukerarugendo kidatera imbere.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 672