homepagesociete

Imigenderanire n’ubucuti vyarahagaze inyuma y’iyugarwa ry’imbibe

Imisi irenga icumi u Burundi bwugaye imbibe zo hasi zibugabura u Rwanda ubu imigenderanire yarahagaze nayo ibikorwa vy’urudandaza biracumbagira mugasagara ka Kiziba i Kabarore muri muri komine n’intara ya Kayanza

Mu mazi y’uruzi Mwogere rugabura Urwanda n’Uburundi iyo rutuzuye, niho abarundi n’abanyarwanda bari bakunze guca.Bamwe baba bashoye abandi bagiye kugura ibintu bitandukanye. Abanyarwanda baba baje gusumira mugasagara ka Kiziba kari ku mutumba Kirehe zone na komine Kabarore, nayo abarundi bakaja gusumira canke hakaba ibindi baja kurondera mu gasagara ka Gisenyi mu gihugu c’uRwanda .Ariko kuva hafashwe ingingo kuruhande rw’u Burundi yo kwugara imbibe ,bamwe mubanyagihughu baho i Kabarore bavuga ko ukwo guhanahana ibidandzwa muri kino gihe kwahagaze.Ni uruhombo kuri bo
“Abanyarwanda baza kunywa inzoga z’i Burundi,abarundi nabo bakaja kunywa izo mu Rwanda […] abanyarwanda baza gusuma ibiraya bakabijana iwabo,hariho n’abaza gutora amakara,natwe tukagenda iwabo tugasuma,ariko ubu ni nabi”.

Uretse ivyo,abanyahihugu b’i Kabarore bavuga ko hari n’ibindi abanyagihugu bo ku mpande zompi bahora bahanahana “abanyarwanda bazana n’inka rero, abarundi nabo baja mu Rwanda hari abazana ifu y’ibigori,imiswi y’inkoko canke imiti yo gupompa ibiterwa”.

Si uguhanahana ibidandazwa gusa kwahagaze,ariko kandi hari n’uguhanana ubumenyi mubijanye n’uburimyi bwa bimwe mubiterwa nk’ibitunguru hamwe n’amashu (choux) ubu kutagikorwa. Abafitiye imiryango yabo mubihigu vyompi,nabo ntibakija kuraba ababo.Ico abnyagihugu bo muri zone Kabarore basaba n’uko abategetsi boganira kugira ikibazo catumye imigenderanire ubu itakibaho gitorerwe inyishu.

Ingingo yo kwugara imbibe zo kubutaka hagati y’u Rwanda n’u Burundi,yafashwe na reta y’u Burundi kuwa 11 Nzero 2024 kumvo ivuga ko igihugu Urwanda rufasha imirwi ihungabanya umutekano mu Burundi.
Ibi birego ariko Urwanda rurabihakana.

Inkuru yanditswe na Egide Nahayo

What's your reaction?

Related Posts

1 of 684