culturehomepage

Burundi: Gukurikirana indirimbo zityoza imico bigiye kubandanya Inyuma y’ikiringo kiriko kirababa umwaka

#Inyuma y’ikiringo kiriko kirababa umwaka inama nkuru y’igihugu ijejwe kugenzura ingene ibimenyeshamakuru bikora ihagaritse ko indirimbo zirenga 30 zitosubira gucishwa mubimenyeshamakuru, inegura ko abazivuza baciye bahindura aho bazicisha kandi zihonyanga imico.urwo rwego ariko rutangaza ko rukigenzura izisa n’izo vuba zizohagarikwa. Ruranatera intege abaririmba izubaka , iziruhura n’izigisha abantu.

Umukuru w’inama nkuru w’igihugu icungera ingene ibimenyeshamakuru bikora mu #Burundi avuga ko mu ndirimbo zirenga 30 urwo rwego rwabujije ko zicishwa mubimenyeshamakuru k’umwaka uheze zagumye zicishwa m’ubundi buryo zikavuga ukuri kwamye kandi kubw’iwe zityoza imico kama.

Mu kiganiro n’abamenteshamakuru kuri uyu wa gatatu , uwurongoye iyo nama yavuze ko zimwe mu ndirimbo zahagaritswe mu bimenyeshamakuru zagumye zivuzwa ukuri kwanye mu bibanza bitandukanye nko m’ubunywero, m’ubutambiro, ku mbuga hwaniro nka “*youtube”* n’ahandi. Abandi nabo bakagenda barazivugiriza mu miduga.

Ivyo rero Kubwiwe birarengeye inama ijejwe ibimenyeshamakuru.Abona ko kubera izo ndirimbo zityoza imico n’akaranga, izindi nzego co kimwe n’abarundi bose bakwiye kubikurikirana kugira bagwanirize hamwe ivyonona imico n’akaranga.

Vestine Nahimana yaciye atangaza ko n’ubu gukurikirana indirimbo nk’izo muri urwo rwego bigiye kubandanya. Bene izica kubiri n’imico n’akaranga boba baritegura ko zigiye gufutwa nk’uko abandanya agisigura.

Ugushimira abakora neza

Umukuru w’uwo rwego avuga ko abaririmba ivyubaka bashobora gushimirwa vuba.ivyo bishobora guca m’ubushimwe bashobora kuronswa n’urwo rwego mumisi iri imbere biciye mu mahiganwa. Aho rero abaririmba izo yita izubaka , iziruhura, n’izigisha abantu hubahirijwe imico nibo bashobora kuhungukira. Ariko nta kiringo atanga ivyo bishobora kuzoba vyaratanguriye.

Ibiganiro kubaririmvyi

Kubera ko inama y’igihugu igenzura ingene ibimenyeshamakuru bikora (CNC) yemeza ko yashize imbere umuco wo kuganira, uwuyirongoye vestine Nahimana yabwiye abamenyeshamakuru ko no kuri izo ndirimbo zitubahiriza imico hazoba kuganira na benezo. Ashikiriza ko ivyo bizoca mu mahugurwa abanyamwuga bazohabwa , ariko :” mugihe uburyo n’umwanya bibirekuriye urwo rwego”nk’uko yabimenyesheje.

Urwo rwego ariko rurasaba kuronswa ubushobozi bwo kuronswa studio yofasha “kuminimina” indirimbo zisohoka , izitaryohoye zigakisorwa , gutyo zigasohoka zifise uburyohe ivyo bita “*censure* ” mu gifransa, aho ku bw’uwo mutegetsi hashobora kuba akunguko kuko abaririmvyi bosohora indirimbo batazimbwe.

Mu kwezi kwa kane umwaka w’2023, indirimbo 31 zaririmbwe n’abarundi zarabujijwe gucishwa mu bimenyeshamakuru, urwo rwego rwarashikirije urutonde rwa zo mu kiganiro n’abamenteshamakuru nyene, ingingo ariko yaridogewe n’abaririmvyi bamwe bavuga ko batagishijwe inama abandi banegura ko zihagarikwa bene zo bateretswe ukundi botunganya ibikorwa vyabo mugihe c’iterambere rya none mugihe abandi basaba ko bokwigishwa uburyo umwuga wabo wokorwa atawe utsitaje, indirimbo ziyamirizwa zikaba nke.

Inkuru yanditswe na Nolis Nduwimana

What's your reaction?

Related Posts

1 of 672