BurundiDon BrigtherhomepageJusticekirundi

Abacamanza bakirya ibiturire baragabishwa irya nyuma

Ubushikiranganji bw’ubutungane buragabisha abacamanza barya ibiturire bigatuma baca iza ngonda gonde ko badahinduye ingendo bazohagarikwa mu kazi.

Aimée Laurentine Kanyana, umushikirananji w’ubutungane no gushingura ikimangu

Mu kiganiro umushikiranganji w’ubutungane n’ugushingura ikimangu Aimée Laurentine Kanyana yagiranye n’abacamanza bo muri sentare isubiramwo ya Ntahangwa iri mu gisagara ca Bujumbura kuri uyu wa mbere waraye uheze igenekerezo rya 25 Ntwarante 2019, yabagirije ko hakiri abacamanza barya ibiturire aboneraho kubahamagarira guhendura ingendo mu gihe bakibishoboye maze bisubizeko agashambara amazi atararenga inkombe.

Atarya umunwa, uwo mushikiranganji yemeje muri ico kiganiro ko amatohoza yimbitse yakozwe yerekanye ko bamwe mu bacamanza ari ba “karuhariwe” mu gufumbatishwa.

Inyuma y’ico kiganiro, umushikiranganji Kanyana yarashoboye no kwishura ku bibazo vy’abamenyeshamakuru. Muri ivyo bibazo harimwo idosiye y’abana batatu b’abigeme bo mu ntara ya Kirundo bamaze iminsi bafungiwe i Ngozi bazira kuba barasibanganije ifoto y’umukuru w’igihugu c’Uburundi Prezida Piere Nkurunziza.

Mu gihe abatari bake bakomeje gusaba ko abo bana borekurwa, Laurentine Kanyana yavuze ko amakuru yakuye muri Parike ya Ngozi ari uko abo bana boba bagiye gutezurirwa amatohoza agakorwa bari mu miryango.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 764