homepagekirundisecurityWestern Sydney Films Festival

Abadandaza barenga 600 baraye bahaburiye

Abadandaza barenga amajana atandatu nibo baraye baburiye ibidandazwa vyabo mw’isoko ya Kinyinya iri muri komine Mutimbuzi, intara ya Bujumbura, bivuye ku mpanuka y’umuriro wadutse muri iyo soko mw’ijoro ryo kuri uwu wa kane.

Musitanteri w’imfatakibanza wa komine Mutimbuzi Habiyambere Joel amenyesha ko iyo sanganya y’umuriro ishobora kuba yatewe n’umuriro boba baribagiye kuzimya muri kamwe mu tuzu tw’uburiro buri muri iyo soko yahiye yose iratokombera.

Nayo kubijanye no kumenya ivyoba vyahiriye mw’iyo soko ingene bingana, musitanteri Habiyambere avuga ko gushika ubu bitaramenyekana bizomenyekana babanje gukoranya abadandaza bose kugira umwe wese avuge ivyo yari afise.

Arangiza asaba abagira neza hamwe na Reta kugarukira kuri abo badandaza baraye baburiye utwabo muri iyo soko..

What's your reaction?

Related Posts

1 of 755