BurundiEconomyhomepagekirundipromoted

Abahamagarira gukoresha ububasha bwose bafise maze batuze abo bantu

Umushikiranganji Pascal Barandagiye ahamagarira ba buramatari hamwe n’umukuru w’igisagara ca Bujumbura gukoresha ububasha bwose bafise maze batuze abariko baraduza uko bishakiye ibiciro vy’umwavu wa FOMI hamwe n’isima ya BUSECO.

Nk’uko yaraye abishikirije mw’itangazo yateywko umukono kuri uyu wa 19 Munyonyo 2019, umushikiranganji w’intwaro yo hagati, inyigiosho zo gukunda iguhugu n’iterambere ry’abenegihugu Pascal Barandagiye, inyuma y’inama yo kunagurwa yatunganijwe na Reta y’Uburundi ku magenekerezo ya 5 na 6 Munyonyo uwu mwaka , ngo haribonekeje mu gihugu cose iduzwa ridasanzwe ry’umwavu uhingurwa n’ishirahamwe ryo mu Burundi FOMI hamwe n’isima rihingurwa n’ishirahamwe ryo mu Burundi nyene BUSECO.

Muri urwo rwandiko, uwo mushikiranganji amenyesha ko vyagaragaye ko umufuko w’umwavu wa FOMI upima ibiro mirongo itanu (50kg) wadugijwe hafi incuro zibiri aho wavuye ku mafaranga y’amarundi ibihumbi mirongo ibiri n’icenda (29.000Fbu) ukaja ku mafaranga ibihumbi mirongo ine vyose (40.000Fbu).

Uwo mushikiranganji yaboneyeho gusaba abarongoye intara hamwe n’umukuru w’igisagara ca Bujumbura gukora ibishoboka vyose bafashijwe n’abajejwe umutekano basake ivyo bidandazwa ku babifise bose maze ivyo bazofata bazoce babigurisha icamunara.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 766