BurundihomepagekirundisecurityWestern Sydney Films Festival

Abajejwe umutekano bafashe ibirwanisho n’ibikoresho vya gisirikare bitandukanye

Mu gatondo ko kuri uno wa kabiri igenekerezo rya 12 Ntwarante umwaka w’2019, igiporisi c’Uburundi mu gihe cari mu bikorwa vyaco vya misi yose bijanye no gusaka ibirwanisho, bafashe muri zone Musaga karitiye Gasekebuye, komine Muha mu gisagara ca Bujumua ibikoresho vya gisirikare bitari bike bigizwe canecane n’imyambaro ya gisirikare.

Ivyo birwanisho hamwe n’ibikoresho vya gisirikare bitandukanye bikaba vyafatiwe mu rugo rw’uwahoze ari umusirikare afise ipete rya “colonel” azwi ku mazina ya Dushimagize Dieudonne batazira Gangi gushika ubu apfungiwe mw’ibohero rikuru rya Mpimba yagirizwa kuba ari muri bamwe bagirizwa gushaka gutembagaza ubutegetsi mu mwaka w’2015.

Hambavu y’ivyo bikoresho vya gisirikare vyafashwe, abajejwe umutekano bafashe kandi muri iyo karitiye nyene abantu bagera kw’icumi basanze batanditswe muri twa dukaye tw’umuryango baraheza bashikirizwa abajejwe intwaro muri ako karere kugira bakurikirane ico kibazo.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 764