Burundihomepagekirundi

Abakoze neza baraye baronkejwe udushirukabute

Kuri uno wa mbere Rusama wahariwe abakozi n’akazi, umukuru w’igihugu Nyenicubahiro Petero  NKURUNZIZA yararonkeje ubushimwe bamwe mu bantu bakoze neza mu kiringo c’umwaka yongera ashimira zimwe mu ntara n’amakomine yaje mu za mbere mu gutunganya neza imigambi y’iterambere.

Uwuri mu baronkeje ubwo bushimwe akaba ari Olivier NIYUNGEKO batazira Mutombola, umumenyereza w’intamba mu rugamba ku gikorwa ciza yakoze catumye ashikana uwo murwi mu mahiganwa y’igikombe c’umugabane wa Afrika co mu mwaka w’2019.

Nayo intara zitatu za mbere zaronkejwe agashimwe kubera zabaye izambere mu gutunganya neza imigambi y’iterambere, iyiza ubwa mbere ni intara ya Makamba, ubwa kabiri hakaza intara ya Ngozi, ubwa gatatu haza intara ya C’ibitoke mu gihe ikomine iza ubwa mbere nayo ari komine Rugombo mu kibanza ca kabiri hari komine Mwumba, ubwa gatatu hari komine Nyanza Lac ubwa kane komine Buhiga mu gihe mu kibanza ca gatanu haza komine Mabayi.

Yaba intara canke ikomine imwimwe yaronswa amafaranga angana n’umuriyoni w’amarundi hamwe n’urupapuro rw’iteka rwerekana ko bakoze neza.

Abandi bantu bari mu bashimiwe n’umukuru w’igihugu ni Gatabazi Yohani wo muri komine Bwambarangwe intara ya Kirundo ateza ibiterwa kama, ikoperative Shaka y’i Buhiga mu ntara ya Karusi, umushingamateka Justin NIYOBUHUNGIRO yatowe mu ntara ya Cibitoke afise ibitaro, uwitwa Sylvestre BIGIRIMANA asanzwe ari umuhanuzi mu biro vy’umukuru w’igihugu akaba yaronse agashimwe kubera akora ibikorwa ajejwe neza.

Murabo bashimiwe n’umukuru w’igihugu harimwo kandi Diane Gateka NIYONGABO yabaye uwambere ku rwego rw’igihugu mu kibazo co mu mwaka w’icenda w’ishure nshingiro,Valery MANIRAKIZA umukuru w’urukino Judo,umunonotsi Jean De Dieu BUTOYI, ishure ryisumbuye Muyange ryo mu ntara ya Rumonge, umurwi w’abamenyeshamakuru wo kw’iradiyo y’igihugu batunganya ikiganiro Terama, ishure ryisumbuye ryitiriwe Petero Karaveri Mweranda hamwe n’umukobwa  wiwe Naomie NKURUNZIZA.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 764