Economyhomepagekirundi

Abakozi batararonswa agashahara kabo basaba gutunganirizwa

Umwaka urenga uraheze abakozi bakoreye kw’itonorero ry’ikawa riri ahitwa Buyezi muri komine n’intara ya Makamba batararonswa agahembo kabo. Abo bakozi bashikiriza ko bageze habi, bitagishoboka ko bikenura mu vyankenerwa mu miryango yabo.

Amakuru dukesha radio Isanganiro, abo bakozi bavuga ko n’ubwo ikawa yavuye mw’ihinguriro SOGESTAL ikaja mur Reta, ngo bofatwa ku rugero rumwe kuko ngo abatanguranye n’iryo hinduka baramaze guhembwa agashahara kabo k’ukwezi kwa mbere bakoze.Abo bakozi basaba kurenganurwa.

Muri BPEAE Makamba bakavuga ko abo bakozi bafise abo basinyiraniye amasezerano kandi ataho bagiye rero ngo borindira bakazobatunganiriza.

 

What's your reaction?

Related Posts

1 of 758