Burundihomepagekirundipoliticspromoted

Abamenyeshamakuru batanguye inyigisho zizobafasha mu matora yimirije

Kuri uno wa kane igenekerezo rya 27 Ruhuhuma 2020, ubushikiranganji bwo kumenyesha amakuru bwaramutse butanguza igikorwa co gutanga inyigisho ku bamenyeshamakuru zizobafasha kumenyesha amakuru neza mu gihe c’amatora yimirije muri Rusama.

Thierry Kitamoya asanzwe ari icariho c’umushikiranganji wo kumenyesha amakuru yabanje kwibutsa abayobozi b’amaradiyo n’ibimenyeshamakuru hamwe n’abamenyeshamakuru bari ngaho ko uruhara bafise muri ico gihe kidasanzwe agira ati :

“Murasabwa gukoresha ubuhinga bwanyu tudakekeranya na gato ko muzi mu gushiraho icuka ciza coza gitegura amatora ndetse n’imitima y’abenegihugu igatekana imbere y’uko dushikira iryo sango ryiza ry’amatora.

Kumenyesha uko amatora ariko aragenda mwisunze amategeko ataho muhengamiye kandi muha ijambo bose ku rugero rungana ata nkunzi nivyo twizeye ko bizobaranga muri kino gihe.”

What's your reaction?

Related Posts

1 of 764