Burundihomepagekirundipolitics

Abaraye bemejwe n’inama nshingamateka barahiye

Umushikiranganji wa mbere Alain Guillaume Bunyoni hamwe n’icegera ca mbere c’umukuru w’igihugu Prosper Bazombanza barahiye kuri uyu wa gatatu igenekerezo rya 24 Ruheshi 2020 ko binjiye muri ayo mabanga.

Bari imbere y’umukuru w’igihugu n’inama nshingamateka na nkenguzamateka mu ngoro y’amakoraniro yo mu Kigobe, mu ndahiro zabo biyemeje kuzogamburukira abarundi kandi ko bazokwubahiriza ibwirizwa nshingiro n’ayandi mabwirizwa.

Amazina yabo yari yatanzwe n’umukuru w’igihugu Evariste Ndayishimiye yemejwe n’inama nshingamateka na nkenguzamateka kuri uyu wa mbere.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 764