Burundihomepagekirundisecuritysociete

Abarenga amajana atandatu nibo bashoboye guhunguka kuri uno wa kabiri

Abarundi bagera ku majana atandatu na mirongo ibiri na batatu (623) bagize imiryango amajana abiri n’itandatu (206) bahora mu makambi y’impunzi yo mu gihugu kibanyi ca Tanzaniya  nibo  bahungutse kuri uyu wa kabiri, igenekerezo rya 22 Nyakanga 2020 bafashijwe n’ishirahamwe mpuzamakungu ryitaho impunzi HCR, bakaba bakiriwe ku mupaka wa Mugina mu ntara ya Makamba.

Mu bushikiranganji bw’intwaro yo hagati mu gihugu, intwaro rusangi n’umutekano bamenyesha ko umurwi w’abarundi bahungiye i Mahama mu Rwanda woshitse igenekerezo rya 24 uzoshika bukeye kurya 25 Nyakanga 2020.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 765