BurundiEducationhomepagekirundisociete

Abari bapfungiwe kwiyamiriza gukata amahera abigisha baraye barekuwe

Umugwi wigenga w’igihugu ujejwe agateka ka zina muntu mu Burundi CNIDH umenyesha ko abanywanyi 3 b’amashirahamwe y’abigisha SYGEPEBU, na CEPEDUC, bahora bapfunzwe barekuwe kuri uyu wa kabiri wraye uheze, igenekerezo rya 21 Nzero 2020.

Ivyo bikaba bibaye inyuma y’uko CNIDH yemeye guhuza ayo masendika 2 n’abayobozi b’ihwaniro ry’amasendika 6 y’abigisha bise COSSESONA ku kibazo c’ukwo ubushikiranganji bujejwe abakozi bwakuye amafaranga ku mishahara yabo ku gahato.

Mu rwandiko rwashizwe ahabona, umugwi wigenga w’igihugu ujejwe agateka ka zina muntu CNIDH umenyesha ko “umushahara w’umukozi wubashwe cane kandi ata n’umwe afise ububasha bwo kuwukurako ifaranga na rimwe nyene amafaranga atavyemeye.”

Uyo mugwi uvuga ko ugukura amafaranga ku mishahara biteye kubiri n’amategeko y’igihugu na mpuzamakungu agenga abakozi n’akazi.

CNIDH isaba umugwi w’igihugu ujejwe kuganira ku bibazo vy’abakozi kutisuka mw’itunganywa ry’uburyo bw’ihwaniro ry’amasendika ahurikiye muri COSSESONA kugira iryo hwaniro rigume ryigenga.

Abarongoye amasendika SYGEPEBU na SEPEDUC bari bapfunzwe kuva ku wa 8 z’uku kwezi kwa Nzero inyuma y’aho biyamirije iyo ngingo ya COSSESONA bavuga ko abayirongoye bashaka kwiba abigisha izuba riva.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 765