Burundihomepagekirundisecuritysociete

Abari bateshejwe izabo n’imyuzurira basubijwe mu zabo

credit picture @isanganiro

Imiryango irenga ijana na mirongo itatu y’abari bateshejwe izabo kubera imyuzurira bahora begeranirijwe muri karitiye Winterekwa iri muri zone Gihosha mu gisagara ca Bujumbura yasubijwe mu zabo kuri uno wa gatandatu, igenekerezo rya 19 Nyakanga umwaka w’2020.

Reta y’Uburundi ibicishije ku bushikiranganji bujejwe gufatana mu nda yatekereye abo basubijwe mu zabo ibizobafasha kubaho amezi atatu ya mbere kugira babe barisuganya bigizwe n’amafaranga yo gupanga inzu amezi atatu, ibifungurwa vyo gufungura ikiringo c’amezi atatu nyene hamwe n’amafaranga yo kwitunganiriza imigambi.

Umushikiranganji Imelde Sabushimike yabasavye kutazosesagura ubwo buryo bahawe.

Abo barundi basubijwe mu zabo bakaba bakengurutse cane igikorwa c’iteka Reta mvyeyi yabakoreye bayisaba n’abandi kuzobafasha gusubira mu zabo kuko ngo kuba mu mahema na canecane ku bantu baba bafise imiryango ngo si icoroshe.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 765