Burundihomepagekirundi

Aho bageze ubu ngo bahakesha abamenyeshamakuru

Abamenyeshamakuru bahamagariwe kwongereza ibiganiro bivuga ku buzima bw’abagendana ubumuga.

Ivyo ni ibiri muvyo Umwunganizi w’umushikiranganji wo kumenyesha amakuru yashikirije kuri uyu wa gatatu, igenekerezo rya 9 Nyakanga umwaka w’2020 mu gihe yariko aratanguza uruganda rwo gukarihiriza ubwenge abamenyeshamakuru uko bofasha mu guha agaciro abantu basanzwe bagendana ubumuga.

Ku ruhande rwiwe, uwurongoye urunani rw’abagendana ubumuga mu Burundi UPHB (Union des Personnes Handicapées du Burundi), yashimiye ibinyamakuru ko bisigaye bibavugisha. Adélaïde Nigina yaboneyeho gusaba abafise ubumuga kutikumira kuko nabo hari ivyo bashoboye haba mu kwiteza imbere ndetse no mu guteza imbere igihugu cabibarutse.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 764