DevelopmentEconomyhomepagekirundiSCIENCES & TECHNOLOGIES

Akamaro k’umugambi “Safe transports” buca ushirwa ahabona

Hagiye gushirwaho umugambi mushasha “Safe transport” mu gisata co gutwara abantu n’ibintu.

Uwurongoye koperative ihurikiyemwo abunguruza abantu ku mapikipiki COTAMOBU, mu kiganiro yahaye abamenyeshamakuru, kuri uyu wa gatanu igenekerezo rya 24 Ndamukiza 2020 yamenyesheje ko uwo mugambi  uzotuma umuntu ashobora kumenya aho ipikipiki iri akoresheje ubuhinga bwa none.

Félicien Nkurunziza yashikirije kandi ko umugambi “safe transports” uzotuma havaho ukutumvikana bishika kukibonekeza hagati ya bene amapikipiki yunguruza abantu hamwe n’abayagendesha.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 761