BurundiEconomyhomepagekirundi

Amafaranga arenga imiriyoni 73 niyo yibwe

Amafaranga y’amarundi arenga gato imiriyoni 73 niyo aheruka kwibwa mw’ibanki BGF ishami ryo mu Kayanza. Amakuru ava mu Kayanza avuga ko yoba yibwe n’umukozi w’iyo banki.

Igiporisi c’inyamiramabi muri iyo ntara kimenyesha ko amwe muri ayo mafaranga yibwe acishijwe ku makonte y’abanywanyi b’iyo banki mu Kayanza n’i Muyinga. Ayandi agera ku miriyoni 17 ngo yayatwaye atarinze kuyacisha ahandi. Uwo yagirizwa ubwo busuma ngo ariko araronderwa n’igiporisi.

Mw’ibanki BGF mu Kayanza barahumuriza abanywanyi ko amafaranga yabo akingiwe. Bamenyesha ko ayashika imiriyoni 52 yashoboye kugaruzwa inyuma y’amatohoza bagiranye n’igiporisi bakaba bizera ko n’ayandi azoboneka.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 766