Burundihomepagekirundipolitics

Amatora 2020 : Imigambwe 4 niyo imaze gutanga abazoyiserukira mu kibanza c’umukuru w’igihugu

Nk’uko biri ku kirangamisi c’amatora yo muri uyu mwaka twaraye dutanguye w’2020, kuva kw’igenekerezo rya 20 Rusama 2020 azoba atanguye. Mu migambwe ishika 35 yemewe n’amategeko, iyigera kuri ine yonyene niyo imaze kumenyesha abazoyihagarira mukwitoreza ikibanza c’umukuru w’igihugu.

Iyo migambwe imaze gutanga abakandida akaba ari umugambwe APDR washize imbere umupfasoni Félicité Nibigira ngo azowuserukire mukwitoreza ikibanza c’umukuru w’igihugu, akaba ari nawe mukenyezi wenyene amaze gushirwa imbere.

Uwundi mugambwe umaze gutanga uwuzowuserukira ni umugambwe SAHWANYA FRODEBU, washize imbere umushingamateka Léonce Ngendakumana asanzwe ari icegera c’umukuru w’umugambwe, kugira azobaserukire mu kwitoreza kurongora igihugu mu mwaka w’2020.

Mu mugambwe FRODEBU NYAKURI naho,umushingantahe  Kefa Nibizi niwe yashizwe imbere n’abanywanyi b’uyo mugambwe kugira azowuserukire mu guhiganirwa kuzorongora igihugu, nayo mu mugambwe UPD- ZIGAMIBANGA bashize imbere umushingantahe Abdul Kassim awuramutswa kugira nawe aje ku rutonde rw’abazohiganirwa ikibanza c’umukuru w’igihugu.

Kiretse mu mugambwe SAHWANYA FRODEBU hamwe no mu mugambwe APDR, muyindi migambwe bigaragara ko abanywanyi bizeye abasanzwe barongoye iyo migambwe nyene.

Iyindi migambwe igera kuri 31 isigaye gushika ubu iracari mu gacerere, ndetse akaba ata n’iyiramenyesha ko izohava igira inani.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 764