BurundihomepagekirundipoliticsPolitique

Amatora 2020 : Umurwi CENI umenyesha ko utazoshobora kumanika urutonde rw’abazotora

Umurwi w’igihugu wigenga ujejwe gutunganya amatora mu Burundi CENI (Commission Electorale Nationale Independante) umenyesha ko utazoshobora kumanika urutonde rw’abazotora ku wa gatatu w’indwi iza igenekerezo rya 20 Rusama umwaka w’2020.

Ivyo ni ibiherutse gushikirizwa na Petero Karaveri Kazihise arongoye umurwi CENI mu kiganiro yahaye abanditsi n’abamenyeshamakuru ku musi wa gatatu uheze.

Petero Karaveri Kazihise yamenyesheje ko imvo izotuma badashobora kumanika urwo rutonde ngo n’uko ari rurerure cane, yamara n’ubwo biri uko, Kazihise amenyesha ko urwo rutonde ruzoheza rugakoreshwa n’abazoba barongoye ibiro vy’amatora.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 764