BurundihomepagekirundipoliticsPolitique

Amatora yo mu 2020 : Francis Rohero yitoza ku giti ciwe yoba ari nde?

Francis rohero yavutse ku wa 16 Nzero mu mwaka w’1972, avukira muri Zone Rohero, karitiye Rohero iri mu gisagaraca Bujumbura, abavyeyi biwe bose bakaba bamuka muri komine Bugendana y’intara ya Gitega.

Francis Rohero yavutse ari umwe mu muryango. Abavyeyi biwe Rohero Majoric, hamwe na Rohero Hélène Ntawuyankira, bubakanye ku wa 19 Munyonyo mu mwaka w’1970, maze bibaruka umwana wa mbere, Francis, kuwa 16 Nzero 1972.

Haciye amezi ane gusa, se wiwe, ico gihe yari icegera c’umukuru w’igisata c’ingenzi, yaragandaguwe muri bwa bwicanyi bwo mu 1972, gutyo arerwa na nyina wiwe ari we mwana w’ikinege.

Francis Rohero yagiye guhereza amashure yisumbuye kw’iseminari y’i Buta i Bururi, mu nyuma yinjira iseminari nkuru ya Burasira hanyuma iya Bujumbura, imbere y’uko yinjira muri kaminuza y’Uburundi, nayo nyene yahavuye ahungirra muri Kameruni atarangije mu 1997 kubera ingwano ari naho yagiye kurangiriza ivyirwa vya Kaminuza.

Avuga yuko nyina wiwe yamureze amwigisha kwirinda igikenye, inyigisho yamye agendera no kuva kw’ishure i Buta, mu gihe igihugu cose carangwamwo amacakubiri hagati y’Abahutu n’Abatutsi.

Avuga ko yigiye cane ku bantu karuhariwe muri kahise mu bijanye no kwirinda igikenye, nka Gandhi, Martin Luther King n’abandi, cane cane Yezu Kristu.

Amaze guhunguka, Francis Rohero arazwi cane mu biganiro yakunda gushikiriza ku maradiyo yerekana ingene ibintu bikwiye kugenda ku neza y’Uburundi n’Abarundi, rimwe na rimwe ntibamutahure, ari naco catumye aruhira gutanga imihoho akava muri CNDD-FDD mu 2006

Inyuma y’aho niho yatanguje ico yise “Mouvement Orange” nk’inzira yoza aracishamwo ivyiyumviro vyiwe.

Ivyiyumviro vyiwe vyatumye muri Munyonyo 2018 apfungwa, aho yamaze indwi yose mu gasho, ariko agahava apfungurwa igipolisi kimaze kubona ko ata kabi kiwe.

Imigambi yiwe nk’umukandida azokwitoza ku giti ciwe ishingiye ku bintu bikuru bikuru bikurikira :

Imigambi yiwe nyamukuru ikaba ihagaze ku gukomeza intwaro ibereye abicishije mu gutunganya gushasha ubutegetsi, gukomeza inzego z’umutekano no kuzironsa ivyo zikeneye, gutunganya igisata c’ubutungane, kworohereza ibinyamakuru kugira ngo bakore mu mwidegemvyo, aho avuga ko azokuraho amategeko yose abuza abamenyeshamakuru gukora bisanzuye.

Avuga kandi ko ashaka gukomeza imigenderanire myiza y’Uburundi n’amakungu, gutunganya gushasha amategeko, aho avuga ko azonahindura ibwirizwa nshingiro kugira ngo hajeho iryubahiriza bose.

Afise kandi n’imigambi ijanye no kurwiza umwimbu no gukomeza ubutunzi bw’igihugu (ikigega, uburimyi n’ubworozi, ubudandaji n’ibindi), gukomeza imico kama, indero, amagara y’abantu hamwe kandi n’ibijanye no gutumatumanako amakuru, ukwiyunguruza n’ibindi.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 764