BurundihomepagekirundipoliticsPolitique

Amatora yo mu 2020 : Sahwanya FRODEBU : Imigabo n’imigambi ya Léonce Ngendakumana

Imigambi mikuru mikuru Léonce Ngendakumana avuga ko yorangura mu gihe yokwizerwa n’abarundi bakamutora akaba umukuru w’igihugu ni iyi ikurikira :

Ukugarukira imigenderanire myiza hagati y’Uburundi n’amakungu mu gukuraho icuka kibi kihari, ko azorwanya ubushomeri n’ubukene. Avuga kandi ko azokomeza igisata c’amagara y’abantu, indero y’abana n’abanyeshure hamwe n’agateka k’abarezi.

Léonce Ngendakumana avuga kandi ko afise umugambi wo kugarukana abarundi bose bavyipfuza bahunze igihugu cabo, be no kugarukira agateka n’iterambere ry’abakenyezi.

Agira ati: “Utora nabi ugatwarwa nabi, upfa uko utoye ugapfa uko utwawe, hanyuma watora neza ugatwarwa neza”.

Léonce Ngendakumana ni nde ?

Léonce Ngendakumana ni umunyaporitike wo mu mugambwe Sahwanya-Frodebu, umugambwe wa Perezida Melchior Ndadaye yagandaguwe mu 1993 haciye amezi atatu gusa ashikirijwe intwaro inyuma yo gutsinda amatora yo ku wa 01 Ruheshi 1993.

Léonce Ngendakumana yavukiye mu ntara ya Bujumbura mu mwaka wa 1954. Yatanguye ibikorwa vya poritike akiri muto, akaba yabitanguriye mu muhari witwa BAMPERE washinzwe na Perezida Ndadaye Melchior mu Rwanda mu mwaka wa 1976. Mu nyuma yahavuye yinjira mu muhari w’abakozi witwa UBU washinzwe mu 1979.

Léonce Ngendakumana ari mu batanguje umugambwe Sahwanya Frodebu mu 1986 mu mpisho. Mu matora yo mu kwa gatandatu 1993, yaratowe ngo abe mu bashingamateka ba Frodebu baserukira intara ya Bujumbura. Mu 1995, yabaye umukuru w’Inama Nshingamateka, mu bihe bitari vyoroshe na gato, gushika mu 2002.

Mu matora yo mu 2005, Ngendakumana yarongeye aratorwa nk’umushingamateka w’umugambwe Frodebu n’aho watsinzwe n’umugambwe CNDD-FDD.

Mu mwaka wa 2014, igihe yari arongoye urunani rw’imigambwe itavuga rumwe na Reta rwari rwiswe ADC-Ikibiri yaraciriwe igihano co gupfungwa umwaka, yagirijwe gutyoza no gukwiza urwanko rufatiye ku moko inyuma y’ikete yandikiye mu kwezi kwa kabiri uwari umunyamabanga mukuru wa ONU ico gihe, Ban Ki Moon.

Léonce Ngendakumana, avuga ko ashaka kugarukira demokarasi, intwaro ibereye n’agateka ka zina muntu, gukingira Abarundi bose,Uburundi n’ababubamwo, aho avuga ko azogarukira igisata c’umutekano yisunze intumbero ya Melchior Ndadaye.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 764