BurundihomepagekirundipoliticsPolitique

Amatora yo mu 2020| UPRONA : Imigabo n’imigambi ya Gaston Sindimwo

Imigambi ya Gaston Sindimwo yagenwe n’umugambwe Uprona kugira azowuserukire mu matora y’umukuru w’igihugu ishingiye ku bintu bikuru bikuru bikurikira :

Mu vya politike, yemerera abarundi guteza imbere intwaro rusangi, kurwanya ibiturire, ashigikire ubwigenge bw’urwego rw’ubucamanza, yongere anagure ubucuti bw’Uburundi n’ayandi makungu. Yemerera abarundi kandi gukomeza inzego z’umutekano.

Mu vy’ubutunzi, imigambi yiwe ihagaze ku gusubiramwo intererano ihabwa amakomine, gutunganya gushasha ivy’amabanki cane cane ku bijanye n’ingurane, ashigikire uburimyi n’ubworozi, yubake amabarabara, gushigikira amahinguriro, kunagura igisata c’ingenzi, umuyagankuba, ubutare n’indero.

Nayo ku bijanye n’imibano, akaranga n’imico, imigambi yiwe ihagaze ku kworohereza abarundi mu vyo ubuvuzi be no mu gushigikira imico n’akaranga k’Uburundi harimwo gusubiza iteka ururimi rw’ikirundi.

Twobibutsa ko Gaston Sindimwo ari icegera ca mbere c’umukuru w’igihugu kuva agenwe, hari ku wa 20 Myandagaro 2015.

Yavukiye muri karitiye Bwiza mu gisagara ca Bujumbura mu mwaka w’1965, akaba kandi ari umunyamabanga mukuru w’umugambwe w’abadasigana UPRONA, imbere y’aho akaba yari umunyamabanga w’icegera c’uwo mugambwe.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 764