BurundiDevelopmentEconomyhomepagekirundi

API : Amashirahamwe yababa igihumbi n’amajana abiri niyo yashinzwe mu mezi atatu

Amashirahamwe 1180 niyo yashinzwe, kuva mu kwezi kwa Nzero gushika mu kwezi kwa Ntwarante uwu mwaka turimwo w’2020.

Ivyo ni ivyashikiijwe n’umuyobozi w’ikigo kijejwe guhimiriza no kworohereza abanyamitahe API (Agence de Promotion des Investissements) mu kiganiro yahaye abanditsi n’abamenyeshamakuru kuri uno w gatatu, igenekerezo rya 10 Ndamukiza 2020 ku bijanye n’ivyo ico kigo caranguye mu kiringo ca gatatu.

Umuyobozi w’ikigo API Desire Musharitse akaba yamenyesheje ko ikigo arongoye categekanije kuzotanga ubuzi burenga ibihumbi bitanu kuri ayo mashiramwe 1180.

Désire Musharitse amenyesha kandi ko hategekanijwe gushirwaho ihuriro ry’abahinga bazofata mu mugongo abarimyi kubera ivyimburwa vyabo bidakwije ibisabwa n’amategeko kugira bihiganirwe kw’isoko mpuzamakungu.

Muri iki kiganiro, Musharitse  yaganiriye kandi ku bijanye n’ishingwa ry’amashirahamwe ; itangwa ry’uburusho butangwa n’itegeko rigenga imitahe ; igenzurwa ry ‘amashirahamwe, mu ntumbero yo gutanga impapuro nfatakibanza zitanga uburenganzira bwo kuronswa uburusho ; ingendo ziwe mu mashirahamwe ; ibikorwa bijanye no kumenyesha, kworohereza no gufata mu mugongo abashingamitahe n’abashorera hanze y’igihugu. ; ibikorwa bijanye no gufasha no guhimiriza urwaruka ruheza amashure, ngo rwige gutegura imigambi n’ibindi.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 769