BurundiBDUSADevelopmentEconomyFabelovehomepagekirundiTestosteroneyouth

Léonard Sentore ati “kazoza k’igihugu gahagaze ku rwaruka”

Ikigo kijejwe kworohereza abanyamitahe API kimenyesha ko iterambere ry’igihugu mu vy’ubutunzi rica mu gisata c’abikorera utwabo kandi ko kazoza k’igihugu gahagaze ku rwaruka.

Kuri uno wa 1 Ndamukiza umwaka w’2019, ikigo kijejwe kworohereza abanyamitahe API (Agence de Promotion des Investissements) mu kinofunofu, cari caramutse gitunganya uruganda rwo kwigisha no gufasha urwaruka mu bijanye n’ukwiyungunganya hamwe n’ukwironderea akazi mu ntumbero yo kwiteza imbere mu migambi yarwo.Urwo ruganda rukaba rwuguruwe icese n’umukuru w’ikigo API Léonard Sentore.

Mw’ijambo ryiwe, Léonard Sentore yashikirije ko inyigisho bashikirije urwaruka zifise akamaro ntangere nacanecane mu kurufasha kwironderera akazi na rirya hasanzwe hibonekeza urutari ruke rwahejeje amashure ariko ntiruronke ico rukora ; izo nyigisho rero zizohez zirufashe kumenya ibitari bike bijanye n’ukwiyungunganya na canecane ku ruba rusanganywe imigambi y’ukwiteza imbere.

Mwomenya ko izo nyigisho ziriko zirabera i Gitega ku murwa mukuru wa poritike ko zitegekanijwe kuzomara ikiringo c’imisi itanu (kuwa kuwa 1 gushika kuwa 5 Ndamukiza) zikaba zateguriwe urwaruka rwo mu ntara Gitega, Karusi, Ruyigi, Cankuzo hamwe naRutana.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 769