BurundiBizosDevelopmentFabeloveGenderhomepagekirundi

Bahamagarirwa kwijukira amashirahamwe yo kwiteza imbere

Abapfasoni bahurikiye mw’ishengero ry’abisilamu mu Burundi bahamagarirwa kwijukira kuja mu mashirahamwe hamwe n’amakoperative yo kwiteza imbere.

Mu ntumbero yo guhimbaza umusi mukuru mpuzamakungu wahariwe umukenyezi wama uhimbazwa kuwa 8 Ntwarante uko umwaka utashe, ishirahamwe ry’abakenyezi b’abisilamu mu Burundi AFEMUBU mu mpfunyapfunyo y’ikinofunofu rifadikanije n’ikigo ndangakaranga “Centre culturel islamique”, vyaratunganije kuri uyu wa Mungu waraye uheze igenekerezo rya 17 Ntwarante umwaka w’2019, ikiganiro co guhanahana ivyiyumviro kuco abapfasoni bokora mu ntumbero yo kwiteza imbere hamwe no kurabira hamwe intambamyi bakunze guhura mu buzima bwabo bwa misi yose.

Muri ico kiganiro, umupfasoni HADJATI SHAMIM Muhiteka asanzwe ari icegera c’umukuru w’ishirhamwe AFEMUBU yamenyesheje ko intambamyi abapfasoni bakunze guhura zibabuza kwiteza imbere ko harimwo ukutamenya, ukwiyobagiza, ubukene hamwe n’ugufata minenerwe ukwinjira mu mashirahamwe hamwe n’amakoperative yo kwiteza imbere. Amaze kubasigurira izo ntambamyi, Muhiteka yaboneyeho guhamagarira abapfasoni kwijukira amashirahamwe n’amakoperative gutyo babone kwiteza imbere.

Abapfasoni bari bitavye iryo koraniro barakengurutse cane inyigisho bahakuye bagenda banafashe ingingo yo kuja kushira mu ngiro ivyo bahakuye.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 768