BurundiEconomyFinanceshomepagekirundi

Banki nkuru y’igihugu yugaye amashirahamwe agurisha amafaranga mvamahanga

Ibanki Nkuru y’igihugu BRB yaraye ifashe ingingo yo kwaka impusha amashirahamwe yose acuruza amafaranga mvamahanga yari asanzwe yemewe.

Mw’itangazo ryasohowe n’umukuru w’iyo banki, Ciza Jean, avuga ko iyo ngingo izotangura kuja mu ngiro mu ndwi iza, igenekerezo rya 15 Ruhuhuma 2020.

Yagiriza ayo mashirahamwe ko atashoboye gukurikiza ibiri mu rwandiko rwerekana ingene amafaranga mvamakungu avunjwa, ivyo ngo bikaba vyaragize ingaruka mbi ku butunzi bw’igihugu.

Mu kwezi kw’icenda umwaka uheze, ibanki nkuru y’igihugu, BRB, yasohoye itegeko rishasha rigenga urucuruza rw’amafaranga mu ntumbero y’ukurwanya abikika mu kiza bakagura bakanagurisha ku biciro vy’umurengera amafaranga y’agaciro.

Muri iryo tangazo, Ciza ategeka abafise amazu yo kugura n’ukugurisha amafaranga y’agaciro gukuraho vuba na bwango ivyapa n’ibindi bimenyetso biyaranga.

Amenyesha ko kuva ubu, amazu yemerewe kugura n’ukugurisha amafaranga mvamakungu ari ayegukira amabanki.

Mu rwandiko rwasohowe ku wa 15 Nyakanga umwaka uheze wa 2019, buri shirahamwe ryategerezwa kuvunja amafaranga ryisunze igiciro cashinzwe n’ibanki nkuru y’igihugu ritarengeje inyungu y’ibice 15%.

Iyo ngingo isa n’iyagoranye gushirwa mu ngiro, arico catumye mu kwezi kwa Munyonyo umwaka uheze, BRB isohora itangazo, aho yagabisha ko amashirahamwe n’amazu acuruza amafaranga y’agaciro adakurikije amategeko azofatwa nk’ayahungabanya umutekano w’igihugu.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 766