BurundiDiplomacyhomepagekirundipoliticsPolitique

Batumirirwa kuzokwitaba ibirori vyo kwimika umukuru w’igihugu mushasha, Evariste Ndayishimiye

Ubushikiranganji bw’imigenderanire y’Uburundi n’ayandi makungu buhamagarira abaserukira ibihugu vyabo mu Burundi hamwe n’amashirahamwe mpuzamakungu kuzokwitabira ibirori vyo kwimika umukuru w’igihugu mushasha, Général Major Evariste Ndayishimiye aheruka gutorwa.

Mu butumire barungikwe n’ubwo bushikiranganji, ubwo bushikiranganji bumenyesha ko, ibirori vyo kwimika umukuru w’igihigu mushasha Général Major Evariste Ndayishimiye ko  bitegekanijwe kuzoba ku musi wa kane igenekerezo rya 18 Ruheshi 2020 igihe c’isaha zitanu z’umurango (11h00), bikazobera ku kibuga c’ingoma kiri mu gisagara ca Gitega, umurwa mukuru wa poritike.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 765