homepagekirundipromoted

Bimwe muvyashikirijwe n’umutambukanyi w’umukuru w’igihugu ku bibazo bijanye n’amagara y’abantu

Umutambukanyi w’umukuru w’igihugu Denise Bucumi Nkurunziza yaremesheje mu gitondo co kuri uyu wa kane igenekerezo rya 17 Gitugutu umwaka w’2019, ikiganiro n’abamenyeshamakuru n’abanyagihugu bakaba bahawe akanya ko kubaza akababakiye.

Ikiganiro ahanini cahagaze ku bintu bitatu arivyo

1. Indwara ya SIDA,

2. Ubugumba hamwe na

3. Irondoka rijanye n’amagara meza.

Ico kiganiro caremesherejwe ku murwa mukuru w’ubutunzi Bujumbura. Umutambukanyi w’umukuru w’igihugu Denise Bucumi Nkurunziza yamenyesheje ko ico kiganiro kije mw’ihangiro Uburundi bwihaye ry’uko atawosubira kwicwa na Sida n’ukudakumira abagendana uwo mugera.

Mu bibazo vyabajijwe harimwo ko urwaruka ruhabwa uburyo bwo gutandukanya imvyaro, umupfasoni w’umukuru w’igihugu yavuze ko atari vyiza kuko ari uburyo bugenewe abavyeyi bamaze kuvyara ngo nk’uko izina ribivuga. Yaciye aboneraho gusaba abakenyezi bafise ubugumba bahohoterwa n’abo bubakanye kw’itura abajejwe intwaro n’abajejwe ubutungane.
Mu gihe mu bushikiranganji bw’amagara y’abantu bafashe ingingo yo gupima abantu SIDA mu mirwi, umupfasoni Denise Nkurunziza amenyesha ko ari ukugira ntihagire uwusigara inyuma ariko ko n’uwijanye wenyene adasubizwa inyuma.

Umuhinga Sylvestre Bazikamwe yafashije umupfasoni Denise Nkurunziza kwishura ku bibazo bijanye n’ubuhinga avuga ko umukenyezi ari munsi y’imyaka 35 bavuga ko ari ingumba iyo amaze imyaka 2 akora amabanga ya bubatse incuro 3 ku munsi ntasame, arenza naho imyaka 35 bavuga ko ari ingumba amaze amezi 6 y’ubatse ntaronke ikibondo, ku wavyaye nawe baharura imyaka 3 adakurikije, uwo muhinga akavuga ko ariko bisigurwa n’ishirahamwe mpuzamakungu ryitaho amagara y’abantu OMS.
« Uburundi burafise abahinga bashobora gupima ubugumba no kuvura abo bishoboka, abo bidashobotse aha iwacu bakarungikwa iyo ubuhinga buteye imbere cane », Umutambukanyi w’umukuru w’igihugu Denise Bucumi Nkurunziza.

Umupfasoni Denise Nkurunziza amenyesha ko ibitigiri vy’abana umuryango ukwiye kuvyara bikirimwo impari. Yongeye arahumuriza kandi ko uburyo bwogutandukanya imvyaro butangwa kwa muganga ata nkurikizi mbi butera.

Nayo abitwaza Ijambo ry’Imana  rivuga ko ari ukurwira nk’umusenyi wo, umupfasoni Denise Bucumi Nkurunziza yamenyesheje ko isi isa n’iyuzuye kandi ko iryo jambo ryabwiwe abantu babiri batanguye kuba kw’isi aribo Adamu na Eva, rero ngo siryo ryobandanya ryigishwa muri iki gihe.

Yunganira Umutambukanyi w’umukuru w’igihugu, umushikiranganji w’amagara y’abantu Thaddée Ndikumana yavuze ko abagabo baherekeza abakenyezi babo kwa muganga igihe bibungenze bavuye ku bice 10 kw’ijana mu mwaka w’2010 baja muri kino gihe ku bice 40 kw’ijana.

Nayo abaja mw’isengero bavuga ko bakize umugera, Denise Nkurunziza avuga ko ari vyiza ko umuntu ashima Imana iyo bamupimye bagasanga ata mugera wa SIDA agifise mu maraso yiwe, ariko ko atawoca areka gufata imiti ipfupfahaza canke ngo asubire mu ngeso mbi .

Umutambukanyi w’umukuru w’igihugu yarangije ico kiganiro camaze amasaha atatu atanga impanuro kubijanye n’abafise ubugumba ko bokwitura abaganga, imiryango nayo ikareka kubatunga urutoke ahubwo bakabashigikira. Abatavyaye nabo yabahanuye gutora abana b’impfuvyi bakabarera mugihe bonlba bafise uburyo bwo kubarera.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 755