BurundihomepagekirundiPolitique

Bimwe muvyo umukuru w’igihugu Evariste Ndayishimiye yemereye abarundi

 

Nta murundi n’umwe azobura ijambo mu gihugu camwibarutse yaba uwuri mu Burundi canke mu mahanga.

Ivyo ni bimwe mu biri mw’ijambo umukuru w’igihugu Evariste Ndayishimiye yashikiririje i Gitega kuri uyu wa kane, ahejeje kwimikwa kurongora Uburundi  mu kiringo kingana n’imyaka indwi.

Muri iryo jambo, yashikirije ko agiye gushinga Reta mvyeyi izohangana n’abanyonyeza amatungo ya Reta. Perezida Evariste Ndayishimiye ahamagarira abarundi bari mu makungu, abanyamigambwe n’abo mu mashirahamwe adaharanira inyungu za poritike kwitegurira gutanga intererano zabo mu kwubaka Uburundi bw’itek n’itekane.

Ntavyama vyera ngo de!, Perezida Général Major Evariste Ndayishimiye yaneguye uruhara rw’abanyamahanga bamwe bamwe mu macakubiri y’abarundi muri kahise ariko avuga ko agiye gutunganya ibijanye n’imigenderanire ku buryo ibihugu vyose bifashanya biharonkera inyungu.

Yamenyesheje kandi ko ingomero 7 z’umuyagankuba zitegekanijwe kuzokwubakwa hamwe n’amabarabara mu ntumbero yo kworohereza abanyamitahe.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 764