BurundiEconomyhomepagekirundiSécurité alimentairesociete

Bujumbura : Ngo ibiciro vy’ibifungurwa birubahirijwe muri rusangi

“Ibiciro vy’ibifungurwa birubahirijwe muri rusangi ku masoko ari mu gisagara ca Bujumbura. Ariko haracibonekeza abadandaza bamwe bamwe babiduza uko bashaka”.

Ivyo ni ivyashikirijwe  n’umushikiranganji w’ubudandaji, amahinguriro n’ingenzi inyuma y’urugendo yagize, kuri uyu wa kane igenekerezo rya 9 Ndamukiza 2020 mu masoko n’amazu y’idandarizo amwe amwe yo muri ico gisagara mu ntumbero yo kuraba uko ibiciro vy’ibifungurwa vyifashe inyuma y’aho havugiwe iduzwa ry’ibidandazwa bimwe bimwe.

Jean Marie Niyokindi atera akamo abadandaza bacidugiriza ibiciro guhagarika iyo ngeso kuko ngo ibihano birategekanijwe.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 767