Burundihomepagekirundisecurity

CNIDH : Ibijanye n’agateka ka zina muntu ngo vyagiye biratera imbere

Igenekerezo rya 10 Kigarama uko umwaka utashe n’umunsi mpuzamakungu wahariwe agateka kazina muntu. Umukuru w’umugwi w’igihugu w’agateka kazina muntu CNIDH, Sixte Vigny Nimuraba, arashima uko ivya agateka ka zina muntu vyifashe gushika ubu mu Burundi.

Nimuraba akagwa akagaruka akavuga ko rimwe na rimwe gahungabana, akavuga ko hari abarezi mu mashure bagihohotera abana. Ikindi umukuru wa CNIDH avuga cahungabanije agateka kazina muntu n’ibitero vyakozwe mw’ijoro ryo kuwa 16 rishira irya 17 Munyonyo uwu mwaka bikozwe n’abasirikare b’urwanda.

Umukuru w’umurwi CNIDH akababazwa n’urudandazwa rw’abantu rugikorwa mu bihugu bimwe bimwe.

Nayo kubijanye n’ihohoterwa ryoba rikorerwa abatavuga rumwe n’ubutegetsi avuga ko abahungabanya agateka k’abandi bantu ivyo boba bitwaje vyose bafatwa kandi bagahanwa akavuga ko abenshi mu bahohoteye abandi ko ubu babarizwa mu mabohero atandukanye.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 764