Burundihomepagekirundisociete

CVR : Amashengero ngo afise uruhara rudasanzwe

Amashengero arafise uruhara mu kuvura ibikomere abantu bagendana bitewe n’ivyashitse kandi bamaranye igihe mbere bikabatera n’indwara y’ihahamuka.

Ivyo ni ibishikirizwa na Désiré Majambere, umurongozi w’ishirahamwe Tearfund , mu kiganiro iryo shirahamwe ryagiranye n’umurwi w’igihugu ujejwe kumenya ukuri no kunywanisha abarundi CVR hamwe n’abarongozi b’amashengero n’amadini bahurikiye mu runani CICB, kuri uno wa mbere igenekerezo rya 18 Nzero 2021.

Intumbero y’ico kiganiro akaba ari kurabira hamwe aho umugwi ujejwe kurondera ukuri no kunywanisha abarundi CVR ugejeje ibikorwa vyawo, hamwe  n’uruhara rw’amashengero n’amadini mu kuvura ibikomere vy’ababuze ababo.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 765