Burundihomepagekirundisociete

CVR : «Ibintu turiko turabona biteye ubwoba »

Umurwi ujejwe kumenya ukuri n’ukurekuriranira CVR, uriko urimba ibindi binogo bine vyahambwemwo abagandaguwe mu 1972, ku mutumba Mashitsi, hafi y’ikigo IRAZ gikora ubushakashatsi mu bijanye n’uburimyi n’ubworozi muri komine Giheta intara ya Gitega.

Ni inyuma y’iminsi itari mike uwo murwi wari umaze ukora ico gikorwa ku mutumba wa Bukirasazi uri ku ruzi Ruvubu, muri komine Shombo y’intara ya Karusi.
Mu minsi itatu bamaze bakorera kuri uwo mutumba. Pierre Claver Ndayicariye avuga ko bamaze gutora ibisigarira vy’abishwe vyinshi cane bibandanya bitorwa mu binogo binini cane, bisa n’ibitandukanye n’ivyo batoye ku Ruvubu.
Mu gihe hari ababona ko umugambwe UPRONA wari wiganje ku butegetsi igihe ubwo bwicanyi bwaba ari wo wateguye ukanashira mu ngiro ubwo bwicanyi, Gaston Sindimwo, yimirije kwitoza ku giti c’umukuru w’igihugu aserukira uwo mugambwe, avuga ko atari wo ukwiye kububazwa.

Umurwi CVR watanguye ico gikorwa ku mutumba Mashitsi ku munsi wa kane, igikorwa cari citabwe n’abategetsi batari bake harimwo n’abashingamateka batowe muri iyo ntara, abarongoye intara za Gitega, Muramvya na Mwaro.

Umukuru wa CVR Pierre Claver Ndayicariye amenyesha ko bahawe amakuru n’ivyabona ko kuri uwo mutumba, mbere no mu micungararo yawo hariho ibinogo binini cane, vyimbwe n’amamashini, vyatawemwo abishwe mu bwicanyi bwakozwe mu 1972.

Ati: “Ivyo natwe twaravyibonene ko vyari binini cane kandi birebire kuko kugira ngo dutangure gushikira ibisigarira vy’abishwe twarinze kuzana imashini bita ‘buldozer’, ariko ku Ruvubu dufuruye gatoya gusa twaca dutangura kubona amagufa, impuzu n’ibindi bisigarira tumaze kwimba nka sentimetero 50 gusa”.

Ivyo vyabona kandi vyabwiye uwo murwi ko abenshi mu bahambwe muri ivyo binogo bategekwa kwitamwo umwe umwe bagikomeye, hanyuma babonye igitigiri kimaze kuba kinini bagaca bafurira.

Hampande y’uwo mutumba wa Mashitsi, umurwi CVR wareretswe n’ibindi binogo biri ku mitumba ya Nyabunyovu, na Mutobo ihana urubibe n’uwo mutumba uri kw’ibarabara riva ku mugwa mukuru wa politike Gitega rija mu ntara ya Ngozi.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 765