homepage

#Burundi :Dicobu n’ Irebe company baranze ibikoresho vy’ishure

Ni kuruyu wa gatatu igenekerezo rya 23 Myandagaro 2023 aho abana bagera kuri 400 bantahonikora baronkejwe ibikoresho vy’ishure vyankenerwa.

Ivyo bibaye kuncuro igira 3 inyuma yoguha abana bo mu Ruyigi na Makamba, Ubu hari haramukiwe igisagara ca Bujumbura neza na neza ku Butere. Bikaba biri mu migambi yiryo shirahamwe Dicobu yoguteza Imbere igihugu cabo nokwitaho bantahonikora.

 

Akabirya kabonetse uyumwaka 2023 nuko bari bafatanije na Irebe company isanzwe irongowe n’umuririmvyi August asanzwe nawe ari mw’ishirahamwe Dicobu .kugihe yaramaze mu gihugu c’uburundi biboneka ko ibikorwa vyinshi bagiye babikorera hamwe ; akarorero ni Isabukuru Dukunde Uburundi habonetsemwo Irebe company na Dicobu.

Mw’ijambo ryiwe uwurongoye Ishirahamwe Dicobu Samwel Ndayiragije yashikirije yashimiye cane abarundi bahurikiye mw’ishirahamwe Dicobu ukuntu bitanga kugira abarundi bagenzibabo bakomeze gufashwa ndetse aranemeza yuko icogikorwa kitagiye kugarukira ngaho , ati uko umwaka utashe tuzoza turabibuka.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 672