homepagekirundi_Sports

Muyenge Alexandre n’umutambukanyi wiwe bagendeye B Stars

Inyuma yo guhura na Irankunda Nestory hamwe n’umuryango wiwe mu gihugu ca Australia , Uwurongoye Ishirahamwe ry’umupira w’amaguru mu Burundi (FFB ) Muyenge Alexandre aherekejwe n’umutambukanyi wiwe Honorable Denise – Ange Kamere , baronse akaryo ko kugendera umugwi w’umupira w’amaguru ukinamwo abarundi baba mu gihugu ca Australia witwa Burundi Stars .

 

Uwo mugwi ukaba usanzwe uba mu gisagara ca Brisbane Province ya Queenaland mu gihigu ca Australia .

Nshimirimana Gabin asanzwe ari umwe muba Kizigenza b’uwo mugwi , yafashe ijambo amubwira y’uko mu mwaka uza bazoza kugendera igihugu cabo c’Uburundi bakineyo n’inkino zitandukanye za gicuti. kazoba na karyo keza ka bakinyi bamwe bamwe batarabona Uburundi bavukiye mu nkambi kubona igihugu cabo .

Muyenge Alexandre yabahaye ikaze mu gihigu cabo c’ Uburundi , aca abasaba y’uko ikintu cose kijanye n’inkino bazomwitura azokibakorera .

Abo bakinyi b’Abarundi bakaba bitezwe kuza mu gihugu c’Uburundi mu mpera z’uno mwaka wa 2024.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 807