BurundiEntertainmenthomepagekirundimusic

Big Fizzo agiye gusubira I Kigali mu Rwanda

Ibiheruka kuba kuri Big Fizzo i Kigali, ngo ntibisigura ko atazosubira gukorera igiteramo muri ico gihugu giheruka kwakira abaririmvyi bakomeye muri Afrika mw’isabukuru ryitiriwe Giant Of Africa.

Mu kiganiro aheruka guha abamenyeshemakuru bakora Indundi Hit Show, uwo muririmvyi “Superman” yavuze ko yatangaje ko vuba agiye gusubira I Kigali aho azokorera igiteramo.

Muri ico kiganiro n’ubwo adatomora neza igihe azokorera ico giteramo, Big Fizzo avuga ko ata kibazo afitanye n’abategura ibiteramo muri ico gihugu, kuko abamukoreye amakosa aho aheruka I Kigali; ngo ataribo bonyene bategura ibiteramo muri ico gihugu.

Naho atatomoye neza, muvyo yashikirije hakaba humvikanyemwo ko Big Fizzo ashobora kuba azosubira I Kigali agiye guteramishiriza abantu kuri Maison Noire.Aha mberere uyo muririmvyi akaba yaranagize ico ashikiririje kuvyamubayeko mu Rwanda.

Big Fizzo akaba adaheruka gukorera igiteramo muri ico gihugu, kuko aherukayo imbere yaho hadukiye ikiza ca Covid 19.

Mukemenya ko mu bantu babonetse barikumwe na Big Fizzo I Kigali muri ico kibanza binuganugwa ko aribo bazomuhamagaza, hakaba harimwo Alex Muyoboke, yabaye Manager wiwe mu Rwanda, ariko kandi akaba anarabira hafi inyungu z’abaririmvyi batandukanye.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 757