homepageDonard Trumpkirundipolitics

Dr Kazihise ati : Umuntu wese abishaka ararekuriwe kuzoba umurorerezi mu matora ya 2020

 

Mu gihe kuri uno wa gatanu igenekerezo rya 28 Ruheshi ariho umurwi w’igihugu wigenga ujejwe gutunganya amatora CENI wari waramutse ushira kumugaragaro ikirangamisi c’ingene amatora yo mu mwaka w’2020 azogenda arakurikarana, umukuru w’uyo murwi Dr Pierre Claver Kazihise yashikirije ko ata muntu n’umwe akumiriwe kuzoba umurorerezi w’amatora agira ati : “Nta muntu n’umwe akumiriwe kuba umurorerezi mu matora ,haruko bitunganijwe n’amategeko kuko abashaka kuba abarorerezi baratanga amadosiye yabo,akirwa inyuma yaho uwemerewe akemererwa yaba umurundi canke umunyamahanga”.

Dr Kazihise yamenyesheje kandi ko n’abantu batashoboye kwiyandikisha mw’iyandikwa ryaheze ryo mu matora aheruka y’ibwirizwa nshingiro yabaye mu mwaka uheze ko bazoronswa umwanya wo kwandikwa kugira bemererwe gutora ariko ko basabwa kuba bararondera ivyankenerwa kugira hazogera aho babatumako kwiyandikisha babifise. Eka n’abantu amakarata y’itora yabo yatakaye canke yononekaye inyishu yavyo ngo iriko iratorerwa umuti mu misi baramenyeshwa ukuntu bizogenda.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 755