Burundihomepagekirundisociete

Gatumba : Bamwe mu baheruka guhura n’imyuzure basaba kugarukirwa

                                    Site Kigaramango iri muri zone Rukaramu, Photo : Radio Isanganiro

Bamwe mu banyagihugu bo muri zone Gatumba, bahuye n’imyuzure begeranirijwe muri site ya Kigaramango iri muri zone Rukaramu, komine Mutimbuzi intara ya Bujumbura bavuga ko bafise ubukene bw’utuzu twa surwumwe hamwe n’ubwiyogero.

Abo bateshejwe izabo baasigura ko mu bantu barenga ibihumbi indwi bari muri ico kibanza, bose bahurira mu tuzu twa surwumwe tutarenga dutatu gusa.

Abo banyagihugu bafise amakenga ko indwara ziturutse kw’isuku rike zishobora ku biraramwo kumwe n’imiryango yabo, bakaboneraho gutaka batakambira Reta n’abagiraneza ku bagarukirako amazi atararenga inkombe.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 765